Ku musi wa Mungu igenekerezo rya 18 Myandagaro umwaka wa 2019 niho mu gihugu ca Kenya hatorwa abakinyi bavyifashemwo neza mw’ihiganwa ryo muri Kenya KPL ry’umwaka wa 2018-2019. Umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana akaba yarafashe ikibanza ca kabiri c’umunyegori yavyitwayemwo neza mw’ihiganwa ryo muri Kenya KPL ry’umwaka wa 2018-2019 .
Akaba yariko ahiganwa n’abanyegori 6 aho ikibanza ca mbere cafashe uwitwa Farouk shikalo.
Akaba yarahawe agashimwe k’inzahabu kari kumwe b’ibahasha ringana n’amshilingi ibihumbi 150.000 mu marundi ni amadorari y’abanyamerica igihumbi 1500$ ahabwa na Frigo iri mu bwoko bwa LG ifise agaciro k’amadorari y’abanyamerica 650$.
Justin Ndikumana akaba amaze kugurwa n’umugwi wa Bandari Fc wo mu gihugu ca Kenya mu gihe mu mwaka uheze yahora akinira umugwi SOFAPAKA Fc wo muri ico gihugu.