Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Justin Ndikumana yaraye atowe nk’umukinyi mwiza

Umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana abandanya akora ibikora inka mu mugwi Sofapaka Fc yo mu gihugu ca Kenya.

Hari kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 13 Ntwarante umwaka wa 2019 , ku kibuga ca Bukungu kiri Kakamega isaha icenda 15h00 aho umugwi Ac Leopard wari wakiriye Sofapaka Fc mu rukino rw’indwi ya 18 y’ihiganwa ryo mu gihugu ca Kenya.

Urwo rukino rukaba rwarangiye Ac Leopard itsinzwe na Sofapaka Fc igitsindo 1 Ku 0 ivyaciye bituma Sofa Paka Fc irara mu kibanza ca mbere n’amanota 33.

Amakuru twakuye mu gihugu ca Kenya n’uko inyuma y’urwo rukino Justin Ndikumana yatowe nk’umukinyi yitwaye neza mu kibuga gusumba abandi .

Mukamenya y’uko Justin Ndikumana ari mu bakinyi bahamagawe mu Ntamba mu rugamba kugira baze kwitegurira urukino rwa Gabon ruzoba muri uku kwezi kwa Ntwarante igenekerezo rya 23 umwaka wa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878