homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Justin Ndikumana yatowe nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa Ntwarante

Umunyegori w’intamba mu rugamba hamwe n’umugwi Sofa Paka Fc Justin Ndikumana abandanya yigenza neza mu gihugu ca Kenya.

Kuri uyu wa kabiri w’igenekerezo rya 16 Ndamukiza umwaka wa 2019, ishirahamwe Sport pesa risanzwe rifasha ihiganwa ryo muri Kenya Premier league ryatoye uyo munyegori nk’umukinyi yitwaye neza gusumba abandi mu kwezi kwa Ntwarante umwaka wa 2019.

Justin Ndikumana akaba yahawe amafaranga ingana n’ibihumbi 100 vya mashiringi yo muri ico gihugu (hafi 2.700.000 mu mafaranga y’amarundi) , hamwe na Smart TV iri mu bwoko bwa LG 49 Pouce n’agashimwe kariko ikirato n’umupira, imyambaro ibiri yanditsweko Sport pesa, Agenda hamwe n’inkofero.

Mukamenya y’uko inyuma y’imyaka 5 iheze ko hatahari bwigere haba uwundi munyegori atorwa nk’umunyegori yaranze ukwezi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871