footballkirundi_Sportsprimus ligue

Kayanza United iraye mu kibanza ca mbere muri Primus league

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Rusama 2021, niho umugwi Athletico Academy wari wakiriye umugwi Kayanza United mu rukino rw’ikirarane rw’indwi ya 28 rwa Primus League, urwo rukino rukaba rwarangiye Athletico Academy itakaje urukino mu gutsindwa na Kayanza United ibitsindo 2 kuri 1.

Lionnel wa Kayanza United niwe yatanguye gutsinda igitsindo ca mbere kigomborwa na Ndikumana Danny , haciye akanya gato Mabano Shabani yandikiye Kayanza United igitsindo ca kabiri baruhuka ari ibitsindo 2 vya Kayanza United kuri 1 ca Athletico Academy .

Binjiye mu gice ca kabiri, Athletico Academy yasatiriye cane Kayanza United gushika aho ku munota wa 67 umukinyi wa Kayanza United Abdou Hervé aronka ikarata itukura biturutse kw’ikosa yari yakoreye Ndikumana Danny .

Iyo karata yaciye ituma umumenyereza wa Kayanza United Niyongabo Amars akora impinduka akuramwo Lionnel aca yinjiza umukinyi w’inyuma ariwe Ramazani .

Abakinyi bose ba Kayanza United baciye basubira inyuma kuzibira gushika ku munota wa 90 , urukino rubona kurangira ari ibitsindo 2 kuri 1.

Mwomenya y’uko Kayanza United yaciye irara mu kibanza ca mbere vy’imfatakibanza n’amanota 52 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315