abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#Indundi Sports| Kaze Sports Management irongowe na Manager Mutima yarondereye umugwi Sudi Abdallah

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Sudi Abdallah agiye gukina mu gihugu ca Iraq.

uwo mugwi akaba yawuronderewe n’ishirahamwe rijejwe kugurisha abakinyi ryitwa Kaze Sports Management rirongowe na Team Manager w’Intamba mu rugamba Mutima Constantin.

Sudi Abdallah akaba agiye gukinira umugwi wo mu cicaro ca mbere muri Iraq witwa Alnaft mu kiringo c’umwaka umwe gusa.

Sudi ashobora kuba ari umukinyi agira gatanu agurishijwe n’iryo shirahamwe rya Kaze Management inyuma ya Youssuf Ndayishimiye , Gael Bigirimana, Sudi Abdallah hamwe na Patrick Kanianga nk’uko twabiyagiwe na Manager Mutima.

Sudi amaze guca mu migwi itandukanye, nka hano iwaci yaciye muri Vital’o Fc, mu Rwanda aca muri As Kigali, asubira akina muri Jordanie hamwe na Bangladesh, muri kino gihe yaciye yerekeza muri Iraq.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321