homepageInkinokirundikirundi_Sports

Kwizera Pierrot yeretswe umuryango usohoka muri Asante Kotoko Sc

Ku musi wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 14 Nzero 2020 niho umugwi Asante Kotoko Sc wo mu cicaro cambere mu gihugu ca Ghana wabwira umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Kwizera Pierrot y’uko utashimishijwe n’umusaruro wiwe ubonye kumwereka umuryango usohoka muri uyo mugwi.

Pierrot Kwizera akaba yari yahawe uruhusha na As Kigali asanzwe akinamwo rwo kuja kugeragezwa muri Asante Tokoto Sc yo muri Ghana.

Ukumara igihe kirekire adakina bivanye n’imvune bishobora kuba biri mu vyatumye uyo mukinyi adashimwa n’umugwi Asante Kotoko Sc.

Imvune yiwe yatanguye kuva mu kwezi kwa 6 mu mahiganwa ya CAN 2019 yabereye muri Egiputa ivyatumye uyo mukinyi adakina inkino zibiri za mbere za CAN intamba mu rugamba zakinye.

Yaciye mu migwi itandukanye nka Athletico Olympic ya hano iwacu , Simba Sc yo muri Tanzania , Rayon Sports yo mu Rwanda , Al Oruba yo muri Oman na As Kigali yo mu Rwanda agiye gusubiramwo inyuma yo kudashimwa na Asante Tokoto Sc yo muri Ghana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871