footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Lieutenant Kévin yahamagariye ingabo zose kubashigikira mu cicaro ca mbere

Mu gihe umugwi w’igisirikare c’Uburundi Muzinga Fc wari uhejeje kwirahira Top Junior ibitsindo 9-0 ku musi wa gatandatu uheze ivyatumye basubira kuduga mu cicaro ca mbere inyuma y’imyaka 3 bari mu cicaro ca kabiri, inyuma y’urwo rukino kizigenza w’umugwi w’igisirikare c’Uburundi akaba ari n’ingabo y’igihugu Lieutenant Kévin yagize ico ashikiriza Indundi TV .

Muvyo Lieutenant Kévin yashikirije yavuze y’uko intsinzi baronse y’ibitsindo 9-0 bari bayikwiriye kuko bari bamaze imisi biteguye, bakora imyimenyerezo ikomeye mu gatondo no kumugoroba .

Lieutenant Kévin akaba yahamagariye zimwe mu ngabo zikomeye mu gihugu kugira zizobashigikire mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere.

Akaba yaravuze intambamyi yagiye arahura nazo mu cicaro ca kabiri ndetse n’ivyamworoheye.

Vyose tubisanga ngaho musi muri iyo Video 👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891