homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Lionnel Messi mu nzira yo gusezera muri Fc Barcelona

Kizigenza w’umugwi wa Fc Barcelona Lionnel Messi ashobora gusezera muri uwo mugwi.

Impamvu ishobora gutuma Lionnel Messi asezera muri uyo mugwi ni uko uburongozi bw’umugwi wa Fc Barcelona bwananiwe kugarukana Neymar Junior bigeze kugurisha muri PSG mu mwaka wa 2017.

Si incuro yambere Lionnel Messi hamwe na bagenzi we berekana y’uko bipfuza ko Uburongozi bwogarukana uyo mukinyi Neymar Junior ndetse no muri abo bakinyi benshi bemeye kudahembwa kugihe ariko Neymar akagarukanwa.

Ukutagura Naymar Junior kwa Fc Barcelona si ukubura amahera ni uko PSG yabasavye amafaranga menshi mugihe bari bamaze kugura abandi bakinyi bazimvye mugihe FIFA yashinze igitigiri c’amafaranga ushobora gukoresha buri mwaka mu kugura abakinyi canke kubagurisha  aho uwukirengeje ashobora guhanwa n’amategeko.

Amakuru dukesha ikinyamakuru co mu Bufaransa Foot 01 avuga y’uko Leonardo hamwe na Nasser Al Khelaifi batwara Umugwi wa Paris Saint Germain ata mugambi bafise wo kugurisha Neymar Junior bigeze kugura imiriyoni 222 zama Euro bamukuye muri uwo mugwi wa Fc Barcelona mbere baripfuza no kumwongera ayandi masezerano mu mpera z’ihiganwa .

Ivyo bikaba bije bikurikiye ivyari vyavuzwe y’uko icuka atari ciza hagati y’uwo mukinyi Lionnel Messi hamwe  na Directeur Sportive w’umugwi wa Fc Barcelona Eric Abidal.

Mukamenya y’uko Eric Abidal yigeze kubwira ikinyamakuru Diairo Sports y’uko abakinyi ba Fc Barcelona badashimishwa n’umumenyereza Ernesto Valverde yirukanwe mu kwezi guheze ari nayo mpamvu baguma batanga umusaruro muke kugira yirukanwe.

Inyuma yayo majambo Lionnel Messi yaciye yishura Eric Abidal abichishije ku rubuga ngurukanabumenyi amubwira y’uko umuntu wese aba akwiye kuraba akazi ajejwe abakinyi bonyene ngo nibo bari bakwiye kwivugira y’uko badakeneye umumenyereza .

Mukamenya y’uko kizigenza w’umugwi wa Fc Barcelona Lionnel Messi azorangiza amasezerano muri uwo mugwi mu mwaka wa 2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871