Burundifootballkirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Lydia Nsekera yavuze ibitu 3 azokwama yibukira ko Petero Nkurunziza

 

 Lydia Nsekera yahoze arongoye ishirahamwe FFB, ubu aramutswa CNO ( Comite National Olympic ) yababajwe n’urwo rupfu rwa Se Barundi Petero Nkurunziza.

Ubwambere nambere Nsekera yabanje guhoza umuryango usigwa na nyen’icubahiro , abarundi bose muri rusangi ,na cane cane abakunda inkino.
Lydia amenyesha ko kuba Petero Nkurunziza yari umunye politike kandi agakunda inkino agatako akanazikina, atari ingabirano y’abantu bose.
Akaba yatanze akarorero avuga ko iyo u Burundi butaronka nyen’ icubahiro Petero Nkurunziza ata ciyumviro ca vuba co kwubaka ama stade cobayeho muri rusangi .

Ikintu ca kabiri Nsekera  azokwibukira ko nyakwigendera,akaba  aruko iyo uri umunonotsi ukamwitura ufise ingorane ukamwiganira neza yaragufasha

Ica gatutu Lydia Nsekera yavuze nuko igihe cose yegera nyakwigendera Petero Nkurunziza yari afise amahirwe yo kumushikira akongera akamushikiriza iciyumviro ciwe ata bwoba kandi agatahana inyishu .

Mwomenya ko Lydia Nsekera iruhande yo gutwara CNO mu Burundi asanzwe ari umwe mu bagize Inama mpanuzwajambo ya FIFA ,akongera kandi akaba umwe mubagize inama nshingwa bikorwa ya CAF.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707