IkibanoInkino

Manager Mutima agiye kuza aragurisha abakinyi b’abarundi i Buraya

Kaze Sports Management Limited Ishirahamwe ryo guhagarikira inyungu z’abakinyi b’abarundi ryaraye ryuguruwe .

Ni ubwa mbere mu Burundi hugururwa iryo shirahamwe mugihe mu bindi bihugu vyo muri kano karere amashirahamwe nk’ayo ahagarira igurishwa ry’abakinyi mu bihugu vya Buraya amaze igihe yatanguye gukora.

Iryo shirahamwe rikaba ryaraye ryuguruwe na Mutima Constantin asanzwe ari Manager w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba akaba ari nawe aritwara yifadikanije na Avelin Basegeta akora muri FFB uwo nawe akaba ari Umunyamabanya mukuru w’iryo shirahamwe .

Rikaba rivutse mu ntumbero yo gufasha ishirahamwe FFB kugira rishike kuri wa mugambi waryo witwa Vision 2026 kugira Intamba zibe zimaze kwitabira inkino z’igikombe c’isi .

Abakinyi bipfuzwa cane na Kaze Sports Management Limited bakanagira n’amahirwe yo gukorana n’iryo shirahamwe ni abakinyi bari hagati y’imyaka 15 gushika ku myaka 22.

Kaze Sports Management limited ikaba izoba ijana abo bakinyi mu bihugu bitandukanye vya Buraya , bakaba bazokorana n’abafata amasanamu y’abakinyi ba Primus league ndetse n’abamenyeshamakuru bamwe bamwe.

Mutima akaba yavuze yuko mu kwezi kwa Mukakaro hazotegurwa amahiganwa y’abakiri bato mu gihugu cose kugira barabe impano z’abakinyi bacu mu nyuma hace hatumwako abazungu kugira baze birabire impano Uburundi bufise.

What's your reaction?

Related Posts