BurundiCuteÉlevagegroups-at-messagegroups-membership-request-rejected-by-adminHealthhomepageIkibanokirundiMusique

Kuva kuwa 11 Nzero 2021, imbibe zose z’Uburundi zizoba zugaye

Mw’itangazo washize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezoigenekerezo rya 8 Nzero 2021, umugwi w’igihugu ujejwe gukurikiranira hafi ibijanye n’irandagata ry’ikiza ca coronavirus userukiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano Gervais Ndirakobuca, umenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 11 Nzero 2021 imbibe zose z’igihugu zaba izo kw’isi canke izo mu kiyaga zizoba zugawe ku ngenzi kiretse ku bidandazwa.

Uwo murwi umenyesha kandi ko ingenzi zose zizokwinjira mu Burundi zizoshika zerekana urupapuro rwemeza ko zitanduye umugera wa coronavirus zicururuka indege, zimare iminsi 7 mu gusuzumwa ko ata mugera zoba zinjiranye, zongere zipimwe umugera inyuma y’iyo minsi. Abazosanga bafise uwo mugera bazoca bajanwa mu bibanza bakurikiranirwamwo  ku mafaranga yabo.

Hambavi y’aho, amazi y’uburaro azokwakira ingenzi ziri mu kiringo co gusuzumwa ko ata mugera zifise ngo ntarekuriwe gukorerwamwo ibindi bikorwa nk’ukwakira abivuna umusase canke kuraza abandi bantu

Muri iryo tangazo bitegekanyijwe ko kuva ku musi wa mbere rya sekeza “Ndakira, sinandura kandi sinanduza” rizosubira gukorwa mu kiringo c’iminsi 30; abanyagisagara ca Bujumbura bagasabwa kuryitabira ku bwinshi na rirya ritazorihishwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764