footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Marcelo mu nzira yerekeza muri Juventus

 

Umukinyi w’inyuma wa Real Madrid umunya Brezile w’imyaka 31 Marcelo ariko aronderwa n’umugwi wa Juventus ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubutariyano.

Kuva mu ntango z’uno mwaka Umukinyi Cristiano Ronaldo yaguma asaba uyo mukinyi w’umunya brezile y’uko yoza mu mugwi wa Juventus .

Eka si Cristiano Ronaldo wenyene yoba yipfuza y’uko yobona Marcelo na bamenyereza b’uyo mugwi bamaze kwerekana ishaka ryo kumwipfuza kugira aze gufashanya n’uwitwa Alex Sandro .

Biravugwa y’uko uburongozi bwa Juventus bwari bwiyemeje y’uko butegerezwa gushika mu gisagara ca Madrid gukora ibiganiro n’uburongozi bw’uyo mugwi kubera uyo mukinyi Marcelo ariko ikiza ca Coronavirus caciye caduka urugendo ruca rurasiba .

Juventus de turin ikaba imaze kwemera kumuha amasezero y’imyaka 4 mbere n’uburongozi bwa Real Madrid bukaba bumaze kwemera kumurekura .

Marcelo amasezerano yiwe n’umugwi wa Real Madrid akaba yitezwe kurangira mu mwaka wa 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891