homepagekirundikirundi_Sports

Match Amical : Ibiciro vyo kwinjira kurorera urukino rw’Intamba na Rukinzo vyagiye ahabona


Mu ntumbero yo kwitegurira inkino za CHAN 2020 hamwe n’igikombe ca Africa Confederation Cup 2019-2020 , umugwi w’intamba mu rugamba w’abakinyi bakina hano ugiye gutana mu mitwe n’umugwi wa Rukinzo Fc mu rukino rwa kivandimwe rugiye kubahuza kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 21 Mukakaro umwaka wa 2019 igihe c’isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Intwari .

Ibiciro vyo kwinjira vyagiye ahabona :

-Ku mpande z’ikibuga benshi bita Pourtour ni amafaranga 1000Fbu

-Mu bwugamwo bw’iteka A na D ni amafaranga 2000Fbu

-Mu bwugamwo B na C ni amafaranga 3000Fbu

– V.I.P nayo ni amafaranga 5000Fbu

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871