footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Mavugo Laudit yabeshuje ivyo ikinyamakuru Foot+257 camwanditseko

 

Hari ku musi wa kabiri igenekerezo rya 31 Ndamukiza 2020, aho ku rubuga rwiwe rwa Facebook uwitwa Foot +257 yandika inkuru ngo akuye ku kinyamakuru ESPN aho iyo nkuru yanditswe ku musi wa kabiri igenekerezo rya 31/03/2020 ,ico gihe Uburundi ntibwari bwaronke n’umuntu n’umwe agwaye ingwara ya Coronavirus .

Kuri urwo rubuga bakaba bari banditse y’uko Mavugo yoba yavuze y’uko atibaza y’uko mu Burundi ata ngwara ya coronavirus ihari mugihe ico gihe ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara  butari bwatangaze y’uko mu Burundi hamaze kw’ibonekereza abarwayi biyo ngwara.

Kuri urwo rubuga hakaba hari handitswe ngo Mavugo Laudit ati:” Bavuga ko ata Covid-19 iriyo ( mu Burundi ), ariko sinibaza ko arivyo…

Inyuma y’iyo nkuru yanditswe na Foot+257 avuga ko ayikuye ku kinyamakuru ESPN Mavugo Laudit yabeshuje ayo makuru avuga y’uko yoba yigeze kuvuga y’uko mu Burundi hari Covid -19 mbere araniyamiriza ikinyamakuru Foot +257 cama gishaka kwonona izina ryiwe kandi atari n’ubwa mbere canditse ibintu vy’ububeshi kuri we .

Akaba yagize ati” ndabeshuje amakuru avuga y’uko nigeze kuvuga ku kinyamakuru ESPN ko mu Burundi ikiza covid -19 kiriyo mugihe vyari vyamaze kubeshuzwa n’Ubushikiringaji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida kandi ndiyamirije ikinyamakuru Foot +257 kiguma gishaka kunyononera izina kandi si ubwa mbere ico kinyamakuru canditse ibintu vy’ububeshi kuri jewe ndasavye abajejwe ico kinyamakuru y’uko batosubira kunyononera izina mukwandika amakuru y’ububeshi kuri jewe”.

Mukamenya y’uko Mavugo Laudit asanzwe akina mu mugwi wa Napsa Star ukina mu cicaro ca mbere .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891