Burundifootballgroups-at-messagekirundikirundi_Sportsprimus ligueSport

Messager Ngozi itahukana igikombe ca Primus League Burundi

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Ruheshi 2020, niho umugwi Messager Ngozi wari uramutse wakira umugwi Inter Star mu rukino rw’indwi ya 29 y’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league, rwabereye i Ngozi Ku kibuga c’urukundo .

Urukino rwarangiye Messager Ngozi unyagiye Inter Star ibitsindo 3-0.

Igitsindo ca mbere ca Messager kikaba cinjijwe na Olivier Bayizere , icakabiri cinjizwa na Iddy Museremu , mugihe ica Gatatu cinjijwe na Arthur.

Inyuma y’urwo rukino Messager Ngozi yaciye ihabwa igikombe nubwo warusigaje urukino rwanyuma kuko warondera amanota atatu gusa kugira utahukane igikombe c’ihiganwa ry’uno mwaka wa 2019-2020 .

Mwomenya ko ico gikombe caciye kigira ica kabiri c’ihiganwa rya Primus league uwo mugwi utwaye inyuma yico mu mwaka wa 2018.

Messager Ngozi ikaba yaciye iguma mu kibanza ca mbere ikwiza amanota 61 mu nkino 29 , mugihe Musongati Fc bari bakirwanira ico kibanza waraye unganije na Kayanza United igitsindo 1-1, bituma ikwiza amanota 56 mu nkino 29.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717