homepagekirundikirundi_Sports

Mohammed Amissi ntiyajanye n’abandi muri Maroc

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Myandagaro umwaka wa 2019, niho umugwi wa mbere w’abakinyi b’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 bafata urugendo berekeza mu gihugu ca Maroc mu mahiganwa ya Jeux Africains mugihe umugwi ugira kabiri uza gufata urugendo ku mugoroba.

Ku makuru twakuye muri bamwe mu bakora mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB n’uko umukinyi Muhammed Amissi atakijanye n’abandi ku munota wa nyuma mugihe vyari bitegekanijwe y’uko aza kwifadikanya nabo.

Impamvu yoba yatumye atajana n’abandi, ngo n’uko umugwi wiwe mushasha wamwankiye kumuha uruhusha ku munota wa nyuma mugihe izina ryiwe ryari ryamaze kurungikwa muri Maroc ntakuntu yari gusubirizwa n’uwundi mukinyi kuko umwanya wari wamaze kurenganya.

Aba nibo bakinyi 17 bafashe urugendo berekeza muri Maroc n’ababaherekeje :

1) Rukundo Onesime
2) Rugerinyange Joseph
3)Ndizeye Eric
4)Ndoriyibija Eric
5)Havyariman ISSA
6)Ntimbaze Abdallah
7) Kashindi Joseph
8)Bigirimana Ramadhan
9)Ndima Hassan
10) Mbirizi Eric
11) Rukundo Therence
12)Karimumutima Iddy
13) Nzeyimana Omar
14) Ndikumana Magloire
15)Dusabe Olivier
16)Ndayizeye Abdi
17)Mavugo Cédric Tity.

Abaherekeje umugwi nabo akaba ari aba bakurikira:

1)Uwurongoye umugwi w’abagiye bose : Nduwimana Madjidi

2)Umumenyereza mukuru: Omar Ntakagero

3) Umuganga : Dr Ciza Patience

4) Umumenyereza w’abanyegori : Amidou Hassan

5)Uwufasha kwinonora imitsi : Nayabagabo Felix

Ku bijanye n’uko boba batatwaye icegera c’umumenyereza Omar Ntakagero mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru bishuye Indundi Sports y’uko Amidou Hassan ahari araza gufashanya na Omar Ntakagero .

Izo nkino za Jeux Africains zigiye kubera muri Maroc zizotangura kuva kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro umwaka wa 2019 gushika kurya 31 Myandagaro uwu mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871