homepagekirundikirundi_Sports

Motocross, urukino rushasha iwacu

Urukino rwa Motocross ni urukino rushasha mu Burundi mbere rutanguye guhurumbirwa.Urwo rukino rwatanguye gukomera muri 2017, ariko rukaba rutashigikirwa nkuko vyategerezwa .Hambavu yo gutanguza ishirahamwe ryabo , abarukina barabandanya imyimenyerezo mbere n’abigeme barayitabira.

Indundi sports yaraganiriye ni umukinyi warwo Arcade Arakaza batazira Dj P, aho yatumenyesheje ko yatanguye kurukina muri 2018 .
DJ P agitangura muri uyo mwaka akaba yatanguriye kuri Suzuki 450 cc ariko haciye igihe yararonse uburyo acagura iyisumba iyo bita Yamaha 750 cc.

Uyo mukinyi yabwiye ikinyamakuru canyu kurwo rukino rufitiye akamaro kanini igihugu ngo kuko abakinyi ba motocross bashobora kuzunguruka igihugu berekana ubwiza bwaco bigatuma ba mukerarugendo bamenya igihugu c’uburundi biciye mu rurwo rukino.

Aganira na Indundi Dj P yavuze ati” twebwe aba Bikers nkuko batwita dutegekanya kwimenyekanisha mu mategeko maze natwe dutunganye amahiganwa binatume abakunzi burukino rwacu banezerwa kuko twifuza gushika ahabasiganwa n’amamodoka bageze” akaba yarangije ahimiriza abafise amashirahamwe ngo babashigikire nkuko bashigikira izindi nkino.

Mu misi iza kuri Indundi sports, tubashikiriza ikiganiro n’amasanamu yurwo rukino rw’ama moto.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871