homepagekirundikirundi_Sports

Moustapha Francis Njali yahawe amasezerano muri Bugesera Fc

Ku musi wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 20 Myandagaro umwaka wa 2019, mu gihugu c’Urwanda niho umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Moustapha Francis Njali yahabwa amasezerano yo gukinira umugwi Bugesera Fc mu kiringo kingana n’umwaka umwe.

Vyanurwanurwa y’uko uyo musore ashobora gusubira mu mugwi wa Kiyovu Sports yavuyemwo yerekeza muri Gormahia ariko birangiye agiye muri Bugesera Fc.

Moustapha Francis Njali yari asigaranye umwaka umwe mu mugwi wa Gormahia ariko mu nyuma uyo mugwi urata amazerano bari bafitaniye n’uyo mukinyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871