footballhomepagekirundikirundi_Sports

#SoccerBeach : Muro Suppliers watanguye imyiteguro

Mu gihe hasigaye imisi mike ngo ihiganwa rya Soccer beach ritangure mu Burundi , umurwi Muro Suppliers ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe ryo muri CANADA ( Human Concern international) ubandanya witegura neza mbere ukaba uriko uragura abakinyi bashasha kugira bazowufashe gutahukana igikombe c’uno mwaka.

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 8 Ntwarante 2020 uwo murwi urongowe na El Hadji Muhozi Masudy waratanye mu mitwe na Barimex mu rukino rutari rworoshe kuko rwarangiye imirwi yompi inganya bibiri ku bindi barabongera iminota itatu y’inyongera bita prolongation ntiyatsindana baca bikora kuri penalty Muro Supplies ica iratsindwa kuko yahujije zibiri.

Innocent Iradukunda akinira Muro Supplies avuga ko yahevye gukina umupira wo kuri stade ngo kubera ko yabonye ko umupira wo ku musenyi uzomushikana kure kukaba nkako ngo yaruriye indege kubera urwo rukino, agashimira El Hadji Muhozi Masudi ku twigoro akora.

El Hadji Muhozi nawe arongoye uwo murwi ukinira ku musenyi arashima urugero uwo murwi ugezeko akavuga ko mw’ihiganwa biteze ikibanza ciza.

Mwomenya yuko inyuma yurwo rukino rwa kivandimwe rwahuje Muro Suppliers na Barimex habaye urundi rukino ku kibuga ca Safi beach rukaba rwahuje Saga sable na Bibamba beach rukaba rwarangiye Saga sable itsinze 5 kuri 3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890