homepagekirundikirundi_Sports

Muryango Moussa ashobora kwirukanwa muri Vital’o Fc

Ku makuru Indundi Sports ihejeje kuronka ni uko umukinyi w’inyuma w’umugwi wa Vital’o Fc Muryango Moussa ashobora gufatirwa ibihano n’uyo mugwi canke akirukanwa burundu.

Imvo ni uko kw’igenekerezo rya 30 Rusama 2020 , igihe hari hagomba habe Derby ya Inter Star hamwe na Vital’o Fc , Staff ya Vital’o yahisemwo gushira ku ntebe y’abasubirira abandi Muryango Moussa bivanye n’uko atigeze akora imyimenyerezo ikwiye muri uyo mugwi nkuko tubishikirizwa n’umwe mu barongozi b’umugwi wa Vital’o Fc .

Muryango Moussa amaze kubona y’uko atagitanguye muri urwo rukino ngo yaciye yanka kwambara umwambaro wa Vital’o Fc kubera atatangujwe ,  ivyo rero bikaba bishobora gutuma umugwi wa Vital’o Fc ufatira ingingo zikwiye uyo mukinyi mu ntumbero yo gukomeza Discipline.

Indundi Sports nayo ikaba igiye kurondera uyo mukinyi kugira nawe agire ico ashikiriza kuri ivyo biriko biramuvurwako .

Mukamenya y’uko umugwi wa Vital’o Fc watakaje urukino rwa Inter Star utsinzwe 2 kuri 1  , ukaba kandi wakinye urwo rukino  udafise  kizigenza wayo Saido Ntibazonkiza bivugwa y’uko yakomeretse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871