homepagekirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Musongati mu mudodo wa Volcano

Umugwi Musongati Fc wagiraniye amasezerano na Volcano Express ishirahamwe ryunguruza abantu n’ibintu. Amakuru dukesha mugenzi wacu Ismail Kwizera Nahodha, ni uko Volcano izokwunguruza abakinyi ba Musongati Fc na Staff  yose y’umugwi mu gihe uwo mugwi uzoba wasohotse. Ni hagati y’inkino 9 na 10 .

Abakinyi ba Musongati Fc nabo bazoza barambara umwambaro uriko ikimenyetso ( Logo) ca Volcano igihe bafashe urugendo no mu gihe co kwishusha (Échauffement ) imbere y’uko urukino rutangura . Bakazoronswa imyambaro 5 kuri buri muntu ku gitigiri c’abantu 30.

Musongati Fc nayo izoshirako Logo ya Volcano ku mwambaro w’abakinyi babo , no ku matike yo kwinjira mu kibuga Ingoma .

Mwomenyako uwo mugwi muri kino gihe ariwo mugwi wa mbere usanzwe, iyo ukinye urukino rwitabira n’abantu batari bake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871