Entertainmentkirundikirundi_SportsUncategorized

# Indundi Sports | Mustapha Francis njali yaguzwe n’umugwi Zanaco

Inyuma yo kurangiza amasezerano yiwe mu mugwi Costal Union wo mu gihigu ca Tanzania umukinyi w’intamba mu rugamba Mustapha Francis Njali yerekeza muri Zanaco yo muri Zambia .

 

Njali akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi Zanaco mu kiringo c’umwaka umwe, avyitwaramwo neza bagashobora kumwongereza ayandi masezerano y’igihe kirekire

Zanaco Fc ikaba ifata ikibanza ca 13 mw’ihiganwa rikuru ryo muri Zambia .

Mwomenyako Francis Njalia amaze guca mu migwi ikomeye ya hano iwacu nka Kavumu Fc , Aigle Noir Ca , Les guepiers du lac , Vital’o Fc , hamwe na Muzinga mugihe mu Rwanda yakiniye imigwi ya Kiyovu Sports na Bugesera , muri Kenya naho yakiniye Gormahia mu gihe mu gihugu ca Congo yakiniye umugwi wa As Simba .

Mustapha Francis Njali amaze gutumwako agatari gake mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba mbere aba ari no mu bakinyi bitabiriye inkino za CAN 2019 ari kumwe n’Intamba mu rugamba .

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 751