homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Mustapha Francis Njali yaraye afashije Gormahia gutsinda Zoia Sugar

Mustapha Francis Njali abandanya yitwara neza mw’ihiganwa ryo mui Kenya.

Kuri uyu wa mbere uheze igenekerezo ya 1 Ndamukiza , niho umugwi Gormahia wakira umugwi Nzoia Sugar mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Kenya, urwo rukino rukaba rwararangiye Gormahia wirahiye Nzoia Sugar ibitsindo 2 kuri 1.

Moustapha Francis Njali akaba yaraye afashije Gormahia gutsinda Nzoia Sugar aho ku munota wa 27 w’igice ca mbere yari amaze gutsinda igitsindo ca mbere mu gihe ica kabiri catsinzwe na Geoffrey Ocheiny ku munota wa 75 w’urukino iminota 90 ikaba yaciye irangira Gormahia wirahiye Nzoia Sugar ibitsindo 2 kuri 1.

Gormahia ikaba iri mu kibanza ca mbere isumvya amanota abiri Sofapaka ya Mussa Omar hamwe na Justin Ndikumana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871