homepagekirundikirundi_Sports

Mutima Constantin yarungitswe hanze kurondera abandi bakinyi bakina i Buraya

Mu kiyago Honorable Reveriyano Ndikuriyo asanzwe atwara inama nkenguzamateka hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yakoranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Nyakanga umwaka wa 2019 isaha zitanu 11h00 mu kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi yaganiriye ku bitari bike vyerekeye ntamba mu rugamba z’abakina hano iwacu no hanze y’igihugu harimwo no kwongereza abandi bakinyi bava hanze y’igihugu bakina muza Burayi.

Akaba yagize ati : “Hariho abakinyi tugiye kurondera bandi bo kwongereza turiko turavugana tugiye kurungika Mutima Constantin agomba agende azoshika muri Norvège arabe azoja mu bubirigi naho nyene hariho igikorwa azokorayo twibaza y’uko nawe nyene tumuhaye gushika mumpera z’ukwezi kuba yahejeje ico gikorwa kugira tumenye ninde twongeramwo kuko si ugupfa gutumako dutumako turavye uwukenewe”.

Mukamenya y’uko Manager Mutima Constantin yamaze gukora ibikorwa bitari bike mu kuzana abakinyi bakomakomeye nka kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino, Gaél Bigirimana, Elvis Kamsoba, Joel Bembo naho bitakunze ko akinira intamba mu rugamba co kimwe na Valentin Delanys, Mohammed Amissi, hamwe Diamant Ramadhan

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871