homepageInkinokirundikirundi_Sports

Mutoyi wa Saido Ntibazonkiza yaraye afashije Namungo gutsinda Singida United

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2020 , ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Tanzania ryarabandanije kundwi ya 20, umugwi Singida United wakiriye Namungo Fc urukino rurangira Namungo Fc utsinze Singida United igitsindo 1-0.

Ico gitsindo catsinzwe n’umukinyi w’Umurundi ariwe Steeve Nzigamasabo asanzwe ari mutoya wa Saido Ntibazonkiza ahawe ipasi n’uwundi murundi bakinana yitwa Bigirimana Blaise .

Namungo Fc ukaba waduze mu cicaro ca mbere muri uno mwaka ukaba uri mu kibanza ca 4 n’amanota 36 mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania .

Mukamenya y’uko Steeve Nzigamasabo yakiniye umugwi wa Vital’o Fc hano iwacu , akina muri Nigeria mu mugwi Enougu Rengers , yakinye no mu Rwanda mu mugwi Bugesera Fc muri kino gihe akina muri Tanzania mu mugwi Namungo Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871