homepagekirundikirundi_Sports

Nahimana Jonathan ari ku rwego rushimishije

Kuri uyu wa gatatu uheze igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2020, umugwi wa KMC wari wakiriye umugwi wa Coastal Union mu rukino rw’indwi ya 21 y’ihiganwa ryo muri Tanzania urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi ibiri inganije 0-0.

Umunyegori w’intamba Nahimana Jonathan akaba yaravyifashemwo neza mu gukura imipira ikomakomeye y’abakinyi ba Coastal Union gushika aho urukino rurangira banganje 0-0.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania vyaciye bivyuka vyandika y’uko Nahimana Jonathan ari umunyegori akomeye naho vyoshika umugwi wa KMC ukagira ubuzima bubi mw’ihiganwa ryo muri Tanzania VPL vyizera y’uko afise ububasha bunini bwo gukina mu migwi ikomeye yo muri Tanzania.

Si ibinyamakuru vyo muri Tanzania vyonyene bimaze gushimishwa n’urugero Jonathan ariko ndetse n’umumenyereza wa Simba Sc igihe bahura na KMC bakayitsinda ibitsindo 2-0 bigoranye yashoboye kubwira abamenyeshamakuru y’uko yashimishijwe n’ingene Jonathan yasamye mbere kuriwe niwe yotowe nk’umukinyi mwiza yaranze urwo rukino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871