homepageInkinokirundikirundi_Sports

Nahimana Jonathan : Musongati niyo imaze kunyereka urugero rwiza

Umunyegori w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Nahimana Jonathan yavuze y’uko hagati y’imigwi ibiri iriko ihiganirwa igikombe ca Primus league co muri uno mwaka ariyo Messager Ngozi hamwe na Musongati Fc ngo umugwi umaze kumwereka urugero rwiza hagati y’iyo migwi ibiri ari Musongati Fc ngo kuko uravye n’abakinyi bawo kuva inyuma gushika imbere umwe umwe usanga afise Experience.

” Musongati Fc niyo imaze kunyereka urugero rwiza uravye n’abakinyi bayo kuva inyuma gushika imbere usanga umukinyi umwe umwe afise Experience “.

Mukamenya y’uko Nahimana Jonathan abaye umukinyi agira kabiri w’intamba mu rugamba ashimishwa n’umupira umugwi wa Musongati ukina inyuma ya Hussein Shaban Tchabalala uyo nawe yaranipfurije Musongati gutwara ibikombe vyose bibiri ni ukuvuga ica Primus league hamwe n’ic’umukuru w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871