homepageInkinokirundikirundi_Sports

Nahimana Jonathan ngo icizere co gusubira muri CAN kirahari

Umunyegori w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Nahimana Jonathan aracafise icizere c’uko uwo murwi uzosubira  muri CAN.

Aganira na Indundi TV, Nahimana Jonathan yerekanye ico bari babuze mu nkino zibiri za mbere aranerekana icizere co gusubirayo.

Akaba yagize ati” dufise icizere co gusubira muri CAN ntidukwiye gucika intege hakiri kare vyose birashoboka twama tubona n’iburaya haboneka ama “Remontada” vyose birashoboka”. Iyo aba atari Coronavirus nari mfise icizere c’uko twari gutsinda Mauritanie iwabo no ngaha, twari kuronka umusaruro mwiza kuko twari twamaze gukosora amakosa twari dufise. Ikintu twari twabuze ni abakinyi bacu bamwe bamwe bari barwaye rero twasa nk’abantu twari twatakaje ubumwe. Ariko ubu urutonde rw’abakinyi bari bahamagawe rwari rumeze neza cane”.

Mukamenya y’uko abakinyi bari babuze mu nkino zibiri zo kurondera itike  rya CAN 2021. Ku bw’imvune ni , Saido Berahino , Nsabiyumva Fréderic , Nshimirimana David hamwe na Nduwarungira Christophe yari afise ikibazo c’ibipapuro bitamwemerera y’uko asoboka igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871