homepagekirundikirundi_Sports

Napsa Star irashimishwa n’igaruka rya Mavugo Laudit mu kibuga

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 Nyakanga umwaka wa 2019, umugwi Napsta Stars wo muri Zambia usanzwe ukinamwo umusatirizi w’intamba mu ruganba Laudit Mavugo washimishijwe n’igaruka rya Mavugo Laudit mu kibuga.

Mavugo Laudit kuva aho aviriye i Bujumbura mu rukino rwo gutangura rwahuje intamba mu rugamba n’umugwi wa Tanzania Taifa stars igenekerezo rya 4 Nyakanga umwaka wa 2019 ntiyari bwatangure kugaruka mu kibuga bivanye n’uko yaciye afatwa n’ingwara ya Malaria ituma ataboneka mu kibuga.

Twobibutsa y’uko Mavugo Laudit yatowe nk’umusatirizi yatsinze ibitsindo vyinshi mw’ihigamwa ryo muri Zambia ry’umwaka wa 2018-2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871