homepagekirundikirundi_Sports

Ndarusanze Jean Claude Lamba Lamba agiye gukinira Kayanza United

Inyuma yo kurangiza amasezerano n’umugwi As Kigali wo mu gihugu c’Urwanda yahavuye agiranira amasezerano n’umugwi wa Kayanza United .

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi yahora akinira umugwi As Kigali wo mu gihugu c’Urwanda ariwe Ndarusanze Jean Claude benshi bazi kwizina rya Lamba Lamba yashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Kayanza united mu kiringo c’umwaka.

Ndarusanze Jean Claude Lamba Lamba akaba ariwe yabaye umusatirizi afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda Azama premier league ry’umwaka wa 2017 – 2018, eka n’imbere yo kuja mu gihugu c’urwanda yabanje gutorwa nk’umusatirizi afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Primus league Burundi ryo mu mwaka wa 2016- 2017 .

Mukamenya y’uko umugwi wa Kayanza United wo mu ntara ya Kayanza utwarwa n’umuhuza w’abarundi Honorable Edouard Nshimirimana .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871