homepagekirundikirundi_Sports

Ndaye Chancel ngo aba Président b’imigwi y’umupira y’i Burundi ni ababeshi

Mu kiganiro umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Ndaye Chancel yakoranye na Indundi TV yavuze ibintu vya mubabaje igihe yakina mu Burundi.

Akaba yahereyeko  ku batwara imigwi  ya hano iwacu aho avuga y’uko kugira babahe imishahara yabo vyaba ikibazo n’igihe baba bagiye kubishuza bakabagora gushika aho babona kubahebera ayo mahera.

Akaba yagize ati”

“Ikintu cambabaje n’uko nabonye mu Burundi kugira uronke umushahara vyari ikibazo hari igihe abayobozi b’imigwi twakinamwo badufata nabi mugihe tuja kubishuza amahera yacu baratugora gushika aho duhava tukayabahebera.”

Mukamenya y’uko Ndaye Chancel yaguzwe mu mugwi wa Las Vegas Light ukina mu cicaro ca kabiri muri reta zunze ubumwe bwa America.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871