homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Ndayishimiye Warren agiye gusubira gufasha imigwi y’abakiri bato

Ndayishimiye Warren Chebby agiye gusubira gufasha imigwi y’abakiri bato nkuko yavyiyemeje wenyene y’uko azogerageza guteza imbere urwaruka rukina umupira w’amaguru mu Burundi .

Warren Chebby akaba ari umurundi asanzwe aba mu gihugu c’ubwongereza, muri kino gihe akaba yamaze kuba aratororokanya ibikoresho azozana mu Burundi vyo gufasha imigwi y’inkino mu bakiri bato mu misi ya vuba .

Muri ivyo bikoresho vya nkenerwa azoza azaniye imigwi y’abana bakiri bato akaba ari ibirato, impuzu z’ugukinamwo ( Maillot ), ibirato vyo gukinamwo, n’ibikoresho vya mashure .

Aganira na Indundi Sports akaba yagize ati “ngiye kuzanira ibikoresho vyo gukina mu migwi y’abana bakiri bato, igituma dufasha muri bino bikorwa n’uko dufise intumbero yo guteza imbere ingabirano z’urwaruka rukiri ruto arirwo ruzoserukira igihugu mu myaka iri imbere nshaje nkorera cane mu migwi y’abana bakiri bato ndetse no mundero kuko ivyo bintu bibiri ni bintu bikomeye cane ku gihugu ndetse no kw’isi yose”.

Abajejwe imigwi n’iyahe izohabwa ivyo bikoresho mu misi ya vuba igihe azoba yashitse mu Burundi akaba yagize ati “Ivyo bikoresho bizohabwa ishure ry’umupira w’amaguru ku murwa mukuru w’intara ya Gitega (Gitega Academie) hamwe n’uwundi mugwi wo mu Kayanza wa bakiri bato. (Kayanza new talents academy)

Chebby Warren akaba yasiguye impamvu yoba yatumye atora iyo migwi ibiri n’uko yabonye y’uko ariyo migwi yitanga cane gusumba iyindi, agasubira akavuga y’uko yarigeze gufasha iyindi migwi ya bakiri bato ariko abayitwara ntibigeze berekana ishaka n’umwete babifitiye aca abona gukorana n’iyo migwi ibiri.

Akaba atari ubwa mbere uyo murundi afasha iyo migwi y’abakiri bato n’igihe giheruka yarigeze kuzanira ibikoresho bitari bike muri iyo migwi y’abana bakiri bato ndetse. Yaheruka kandi no kuzanira aba abanonotsi bakorera kuri jardin public mu gisagara ca Bujumbura imyambaro yo kwiruka yigeze guhabwa n’umugwi w’abanonotsi bo mu bwongereza witwa Poole Runners hamwe n’ibirato bifise udupine munsi vyitwa Spikes bifasha kwiruka imetero 100, 200, 400 na 800.

Chebby Warren yasubiye aravuga y’uko hari n’iyindi migambi irimbere yo gufasha ugwaruka na canecane mu nijanye n’amashure y’imyuga.

Ndayishimiye Shebby Warren akaba yasavye abantu bose bakeneye kubona ibikorwa n’imigambi yiwe ko bobirabira kuri page ya Facebook yitwa “bridge the gap”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871