homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Ndayishimiye Youssouf yateye intege Nduwarugira Christophe

Umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba hamwe na OGC Nice yo mu cicaro ca mbere mu bufaransa , Ndayishimiye Youssouf yateye intege mugenzi wiwe Nduwarugira Christophe .

Ivyo akaba yabikoze inyuma yo kwidogerwa n’abarundi batari bake aho baguma bamwagiriza ko yatsindishije igitsindo ca mbere mu rukino ruheruka guhuza Cameroun n’Uburundi .

Ndayishimiye Youssouf kubona ayo majambo yo gutyoza uwo mukinyi , ntiyavyihanganiye niho guca asimbira ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe mu kwandika ko uwo mukinyi yarwaniye igihugu imyaka irenga cumi abantu bategerezwa ku mwubaha .

Akaba yagize ati ‘’ Imyaka irenga cumi ugwanira igihugu cacu , abantu bategerezwa kukwubaha kuko s’ibisanzwe. Turikumwe nawe Nduwarugira Christophe’’

Mwokwibuka ko Uburundi bwatsinzwe na Cameroun ibitsindo 3-0 mu rukino rwo kurondera itike rya CAN 2024 bituma butitabira inkino z’ico gikombe .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822