homepagekirundi_Sports

Indundi Sports| Umusatirizi w’Intamba mu rugamba Bon Fils Caleb yagize imvune ikomeye# 

Bimenyimana Bon Fils Caleb umusatirizi w’Intamba mu rugamba ashirwa mubakinyi bagaragaye cane murukino ruheruka rwabuje Uburundi n’igihugu ca Cameroun yaragize imvune ikomeye muri urwo rukino .

Hari ku musi wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023 Isaha zitatu ( 21h00) z’ijoro ,aho umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba wari wakiriwe na Cameroun mu rukino rw’indwi igira 6 rwo kurondera itike yo kwitabira ihiganwa ry’igikombe ca CAN2024 rizobera muri Côté d’ivoire. urwo rukino rwarangiye Uburundi butsinzwe ibitsindo 3-0.

Umukinyi Bimenyimana Bon Fils Caleb igice ca mbere yari yagoye cane abakinyi b’inyuma b’umugwi nserukira gihugu ba Cameroun , ntiyarangije urukino biturutse ku kwitanga kwiwe kwatumye agira imvune asubirizwa na Hussein Shabani Tchabalala.
Inyuma yo kuvunika yaciye ajanwa kuvurirwa mu bitaro bikuru biri mu gisagara ca Garoua muri Cameroun.

Amakuru yashikriye Indundi Sports n’uko uwo mukinyi muri kino gihe yafashe indege yerekeza mu gihugu ca Lybia ari naho azobandaniriza avurwa .

Mwomenyako Bon Fils Caleb yamaze gutera umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Ahli Benghazi wo mu gihugu ca Lybia .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807