abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Ndayishimiye Youssuf Nyange abandanya amenyekanisha Uburundi

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba hamwe n’umugwi Instabul Basaksehir wo muri Tuquie Ndayishimiye Youssuf Nyange abandanya afasha umugwi wiwe ku rugero rushimishije.

Hari kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 Nyakanga 2022, aho umugwi Istanbul Basaksehir ukinamwo Ndayishimiye Youssuf Nyange wari wakiriye umugwi Fiorentina wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubutariano mu nkino za Europa league conference, urwo rukino rukaba rwarangiye Istanbul Basaksehir unyagiye Fiorentina ibitsindo 3-0.

Ndayishimiye Youssuf Nyange yarashoboye kugira uruhara mu gitsindo ca mbere kuko niwe yatanze umupira uvamwo igitsindo.

Urugero Nyange agezeko mu mupira w’amaguru rushimisha abarundi bose muri rusangi, kuko Uburundi bubandanya kumenyekana mu vy’umupira w’amaguru biciye kw’izina ryiwe.

Mwibuke ko urwo rwari urukino rugira kabiri mw’itsinda barimwo kuko urwa mbere bari banyagiye umugwi Hearts ibitsindo 4-0.

Mwomenya ko Ndayishimiye Youssuf yama atangura inkino nka zose ndetse akanazirangiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320