abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Ndayishimiye Youssuf yoba agiye gukina mu Budagi?

Umugwi Bayern Luverkusen wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’ubudagi uripfuza umukinyi w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf Nyange.

Ivyo bikaba vyanditswe n’ikinyamakuru co muri Turquie citiwa Ajansspor aho kivuga ko Bayern Luverkusen wamaze gusaba uwo mukinyi muri Instanbul Basaksehir.

Ico kinyamakuru kikavuga y’uko ibiganiro vya Istanbul Basaksehir na Bayern Luverkusen bigeze kure.

Ndayishimiye Youssuf Nyange akaba amaze imisi ariko yigenza neza mw’ihiganwa ryo muri Turquie ndetse no mu nkino za Europe Conference League.

Indundi Sports ikaba iboneyeho akaryo ko kumwipfuriza isabukuru nziza y’imyaka 24 amaze avutse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205