homepagekirundikirundi_Sports

Ndikumana Justin yaraye ashize umukono ku masezerano yo gukinira Bandari Fc

Umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana ntakibarizwa mu mugwi wa Sofapaka muri kino gihe.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 10 Myandagaro 2019 niho umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana yashira umukono ku masezerano y’imyaka ibiri yo gukinira umugwi wa Bandari Fc ukina mu cicaro cambere mu gihugu ca Kenya KPL (Kenya Premier League).

Justin akaba agiye mu mugwi Bandari Fc inyuma yo guhagarika amasezerano yari afitaniye n’umugwi wa Sofapaka Fc kumvo z’uko batashitse kuvyo bari bemeranije .

Mwomenya y’uko Justin Ndikumana ari umunyegori yafashije cane umugwi Sofapaka Fc mw’ihiganwa ry’umwaka uheze ndetse anatahukana udushimwe tutari duke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871