homepagekirundikirundi_Sports

Ndikumana Seleman agiye gukinira Azam Fc

Naho yirukanwe mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Ndikumana Seleman ntasiba kugomwa n’iyindi migwi.

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 28 Ruheshi umwaka wa 2019 , niho uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Seleman yashira umukono ku maseserano mashasha yo gukinira umugwi Azam FC mu kiringo kingana n’umwaka umwe.

Ndikumana Seleman imbere y’uko ahabwa amasezerano yo gukinira Azam Fc yo mu gihugu ca Tanzania yari asanzwe akina mu mugwi AL Adalah wo mu gihugu ca Arabie Soudite.

Ndikumana Seleman akaba yajanwe n’umumenyereza w’umurundi asanzwe agiye kumenyereza uyo mugwi Azam Fc ariwe Ndayiragije Etienne.

Azam Fc ukaba ari umugwi ugira kabiri agiye gukinira mu gihugu ca Tanzania inyuma yo gukinira umugwi Simba SC mu mwaka wa 2006.

Ndikumana Seleman niwe mukinyi w’umurundi wenyene amaze guca mu bihugu vyinshi vy’i Buraya hamwe no muri Africa.

Akaba kandi agiye ahasanze uwundi mukinyi w’umurundi muri uyo mugwi nawe nyene amaze guhabwa amasezerano muri Azam FC ariwe Mvuyekure Emmanuel benshi bazi kw’izina rya Manu.

Mukamenya y’uko umugwi Azam FC ariwe uzoserukira igihugu ca Tanzania mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871