CAN2019footballInfrastructuresInkinokirundikirundi_Sports

Ndikumana Selemani ngo yarasavye ikigongwe Olivier aranka kukimugirira

 


Uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Yamin Selamani yavuze y’uko igihe yari yirukanwe muri CAN 2019 azira ukutitwara neza mu bijanye n’indero ngo yaragerageje gusaba ikigongwe umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko ariko ngo aranka kukimugirira.

Abajijwe na Indundi TV y’uko yigeze gusaba ikigongwe umumenyereza Alain Olivier Niyungeko igihe yari ahejeje kumwirukana, Selamani akaba yagize ati :

“Umbajije ikibazo ciza igihe umumenyereza yari yaje kumbwira y’uko anyirukanye ntashaka ko nguma harya ngo yamaze kunkatira itike kugira ejo nzotahe, naramubwiye nti ” Coach Mbabarira basi ntuzonkinishe nti ibuka y’uko jewe nawe tumaze gukorana cane mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba. Amasozi yarankorokanye ariko aranka ambwira ngo twahejeje. Narasubiye kandi ndamusaba y’uko basi yoreka kunkinisha apfume anshira kuri Tribune ariko sintahe mu Burundi , yarasubiye kandi ambwira y’uko jewe nawe twahejeje kandi yabimbwira n’inzigo” .

Indundi TV ikaba yararondeye umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko kugira nawe agire ico ashikiriza kuri ayo makuru ariko aramuvurwako ariko ntanakimwe yigeze ashikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669