homepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Ndikuriyo Révérien ngo amahiganwa yose asigaye azorangizwa

Inyuma y’aho Youssuf Mossi ajejwe igisata co gutunganya inkino mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ku mboneshakure ya Azam yo muri Tanzania amenyeshereje y’uko mu ntango z’ukwezi kwa Ruheshi 2020 ihiganwa rya Primus league rishobora kubandanya, kuri uyu wa wa gatatu igenekerezo rya 06 Rusama 2020 , umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi nawe yagize ico ashikiriza kuvyerekeye inkino zisigaye.

Abicishije ku rubuga ngurukana Facebook rwiwe Honorable Reverien Ndikuriyo akaba yavuze y’uko amahiganwa y’umupira w’amaguru ategekanijwe mu gihugu azorangizwa kandi neza .

Akaba yagize ati ” Twagomba kumenyesha abakunzi b’umupira w’amaguru ategekanijwe mu gihugu cacu azorangizwa kandi neza. Inyuma y’imyiyamamazo yo kwitegurira amatora arangiye hazoca hasohoka ikirangamisi c’inkino zisigaye ( 3 Journeé za Championat National n’igikombe c’Umukuru w’igihugu 1/2 final na Final )”.

Mukamenya y’uko ibihugu bimwe bimwe bimaze guhagarika amahiganwa y’uno mwaka bivanye n’ikiza ca Coronavirus kimaze amezi kiriko gitikiza inganda kw’isi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874