homepagekirundikirundi_Sports

Nduwarugira Christophe ntiyajanye n’abandi i Bangui

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Munyonyo 2019 , niho umugwi wa mbere urimwo abakinyi bamwe bamwe b’intamba mu rugamba bafashe indege berekeza i Bangui mu ntumbero yo gutana mu mitwe n’umugwi wa République Centre Africaine mu rukino rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2021 mugihe umugwi wa kabiri nawo uzofata urugendo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Munyonyo 2019.

Intamba mu rugamba zikaba zafashe urugendo zidafise umukinyi Nduwarugira Christophe kumvo z’uko uyo mukinyi yagize ingorane z’impapuro bita Permis de Résidence n’ubu akirondera kuko iyo yari guhava yihenda agasohoka mu gihugu akinamwo vyari kumugora kugarukamwo ivyo bikaba bivugwa n’umunyamabanga mukuru w’ishiramwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Jérémie Manirakiza.

Nduwarugura Christophe akaba agiye gusiba inkino zibiri Uburundi bwimirije gukina kuwa kuwa 13 Munyonyo i Bangui na RCA hama kandi na Maroc kuwa 19 Munyonyo i Bujumbura.

Nduwarugira Christophe akaba yiyongereye ku bandi bakinyi bagize ikibazo c’imvune batazoboneka muri izo nkino zibiri nka kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino, David Nshimirimana hamwe na Nsaviyumva Fréderic.

Inyuma y’iryo bura rya Christophe Nduwarugira ku munota wanyuma haciye hasigara abakinyi 17 gusa nibo bazotana mu mitwe na RCA mugihe umumenyereza yari yahamagaye abakinyi 19.

Mukamenya y’uko Nduwarugira Christophe akina mu gihugu ca Portugal mu mugwi Varzim SP ukina mu cicaro ca kabiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871