homepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Ngabo Diomède yijeje kugumana Olympic Star mu cicaro ca mbere

 

 

Ku musi w’imana igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020 umugwi wa Buja City wari warikiriye umugwi wa Olympic Star mu rukino rw’indwi ya 25 y’ihiganwa rya Primus league , urwo rukino rukaba rwarangiye imigwi yose inganije igitsinso 1-1.

Inyuma y’urwo rukino Indundi Sports yaronse akaryo kubaza ibibazo uyo mumenyereza wa Olympic Star n’icatumye agomborwa igitsindo hasigaye iminota 3 gusa kugira urukino rurangire.

Diomède akaba yagize ati : “Icatumye ngomborwa igitsindo hasigaye iminota itatu kugira urukino rurangire n’uko abakinyi banje b’inyuma batumvikanye kuko mubonye n’igitsindo badutsinze yagitsinze ari hagati y’abakinyi b’inyuma bane”.

Abajijwe ico yokwizeza abakunzi w’umugwi wa Olympic Star mu nkino zitanu basigaje akaba yishuye ati : “Ico nokwizeza abakunzi ba Olympic Star bitege y’uko tuzoheza neza turashobora guheza turi mu kibanza c’7 biraca shoboka kuko mu nkino zitanu ni amanota 15”

Mukamenya y’uko Ngabo Diomède yari amaze imyaka 7 muri uwo mugwi wa Olympic Star , mu nkino zibiri agizwe nk’umumenyereza mukuru ntaratsindwa n’urukino na rumwe amaze gutsinda urukino rumwe anganya rumwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874