footballkirundi_SportsUncategorized

# Indundi Sports | Ngiyi imigambi ya Prezida mushasha wa Inter Star

 

Mpingwe Amissi Willy niwe yaraye atowe kurongora umurwi Inter Star  vy’imfatakibanza gushika mu mpera z’ihiganwa  .

 

Kuri uyu w’ Imana igenekerezo rya 18 Kigarama 2022 niho bamwe mu Ndongozi z’umugwi Inter Star , abakunzi hamwe n’abaserukiye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , bari mu nama ya bose idasanzwe mu ntumbero yo gutorera inyishi ibibazo biro muri uwo murwi na cane cane guhindura uwari arongoye uwo murwi.

Mpingwe Amissi Willy niwe yaraye yemejwe 100% n’inama ya bose y’abakunzi ba Inter Star , akaba yaciye asubirira Bizimana Abdoul Karim yahora arongoye uwo murwi.

Kuri Micro z’abamenyeshamakuru , Mpingwe Amissi Willy yarashoboye kuvuga intumbero afitiye umugwi inter Star hamwe n’imigambi .

1) Ica mbere ni ukugumiza umugwi mu cicaro ca mbere

2) Kwongereza inguvu mu kugira abakinyi bashasha bafise uburambe muri Primus League

3) Indero mu mugwi Inter Star , atanguriye mu bakinyi gushika mu ndongozi .

Inter Star ikaba iri mu kibanza ca 12 mw‘ihiganwa rya Primus League n’amanota 14

Mwomenya ko Mpingwe Amissi Willy yahora ari icegera c’uwahora arongoye uwo mugwi Inter Star

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 358