abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Ngiyi impamvu yatumye abakinyi 5 b’intamba basiba mu nkino zibiri za kivandimwe

 

Amakuru duhejeje kuronka muri kano kanya n’uko abakinyi bashika kuri 5 b’intamba mu rugamba aribo batazoboneka mu nkino zibiri za kivandimwe zari kubahuza na Côté d’Ivoire hamwe na Guinée Conkry y’abatarenza imyaka 23.

Abao bakinyi akaba ari aba bakurikira:

– Cedric Amissi
– Saidi Ntibazonkiza
– Bienvenue Kanakimana
– Moussa Omar

– Saido Berahino

Abo bakinyi umumenyereza yaciye abasubiriza n’aba bakurikira :

-Umunyegori Aladin Bizimana asanzwe akina muri RFC Warnant ukina mu cicaro ca 2 muri Division ya Amateur ACFF) , uwo mukinyi yari asanzwe amaze gukinira intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 mu nkino za CECAFA.

– Uwundi ni Pacifique Niyongabire asanzwe akija mu mugwi wa PERTH GLORY mu cicaro ca mbere muri Australie , uwo nawe rikaba ari irya mbere atumweko mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba .

– Uwundi mukinyi ashobora kuza kwifadikanya n’abandi ni Jamir Matheo akina mu cicaro ca gatatu muri Hollande yigeze nawe nyene gukinira umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 mu nkino za CECAFA .

Team Manager w’Intamba mu rugamba Mutima Constantin yabwiye indundi Sports y’uko abo bakinyi basivye kumvo z’uko imigwi yabo yanse kubarekura ku munota wanyuma .

 

Abajijwe  impamvu yatumye abakinyi 5 basubirizwa n’abakinyi 2 canke 3  gusa ,  mugihe tuzi ko hari abakina muri kano karere bariko bavyitwaramwo neza ,  akaba yishuye ko umwanya wo kubaronderera Visa  niwo wabaye muto .

 

Mwomenya ko izo nkino zibiri za kivandimwe Uburundi bwimirije gukina na Côté d’ivoire hamwe na Guinée Conakry zitari ku rutonde rw’inkino z’umusi wa FIFA ( Journée FIFA) ivyo navyo biri mu vyoba vyatumye iyo migwi yanka kurekura abo bakinyi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205