homepagekirundikirundi_Sports

Ngo ibiriko bivugwa kuri Saido Berahino biriko bikorwa kubera ishari

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 08 Gitugutu umwaka wa 2019, ikinyamakuru co mubwongereza Dail Mail canditse inkuru ivuga y’uko kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino yoba yananiwe kuriha ihadabu ry’amafaranga yama paundi 75000 bivanye n’uko yigeze gutwara imodoka mu gihugu c’Ubwongereza aborewe .

Ico kinyamakuru kikandika y’uko ku musi wa kabiri igenekerezo rya 08 Gitugutu ariho ubucamanza bwo mu gihugu c’Ubwongereza catanze itegeko ryo gufata uyo kizigenza w’intamba mu rugamba kugira aze yitabe ubutungane ariko ntiyigeze yitaba.

Ibinyamakuru vyinshi vyagumye vyandika iyo nkuru gushika aho Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constantin asanzwe ari n’umuvugizi w’uyo mukinyi agira ico ashikiriza akaba yahavuye abwira Indundi Sports y’uko ibiriko bivugwa kuri Saido Berahino ari ishari bariko baramugirira.

Mutima Constantin yanditse ati : “Reka ndabahe umuco gato. Iryo ni ryashari nababwiye ko ama Media ya UK bagirira Berahino. Ubu babona ko yigenza neza none batanguye kwandika ama journal kuko hari ama equipe menshi yashaka kumugura mu kwa mbere.
Hano i Bulayi nta tegeko rifunga umuntu kubera ideni ribaho, afise amazu asumba ayo mahera n’imiduga, bashaka bozifata nimba ariyo mpanvu. Rero ivyo ni ikinyoma cambaye ubusa. Nubu azoza kuraba umuryango ngaha mubwongereza vendredi tuzorabe ko bazomuhagarika”.

Naho Manager Mutima Constantin yoba yavuze ko ari ibinyoma Saido Berahino we nawe yagize ico ashikiriza abicishije kuri Twitter yiwe mbere aranemeza y’uko habayemwo akantu gato ko kutumvikana muri iyo dosiye kandi vuba bagiye kugakosora kandi ata vyinshi yobivugako.

Akaba yagize ati : “Habayemwo akantu gato ko kutumvikana ariko ubu vuba bagiye kugakosora kandi gushika ubu ntavyinshi nobivugako”.

Uyo mukinyi wa kera wa Stock city yo mu Bwongereza Saido Berahino akaba amaze imisi yitwara neza mu mugwi Zulte Waregem asanzwe akinamwo muri kino gihe mu nkino 7 amaze gukina muri uyo mugwi amaze kuwutsindira ibitsindo 4.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871