kirundi_SportsIKIRUNDI_newsUncategorized

# Indundi Sports |Niyomukunzi yatahukanye ikibanza ca mbere muri word Athletics

 

Benshi bamenyereye izina rya Francine Niyonsaba ko ariryo zina rikomeye cane ry’umunonotsikazi mu Burundi, habonetse uwundi  Francine yaraye abiciye biracika mu nkino zo kwinonora imitsi aho yashoboye gufata ikibanza ca mbere mu mahiganwa ya Word Athletics Cross Country tour Gold.

Iryo higanwa rikaba ryaraye ribaye kuri uwu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 22 Gutugutu 2021, mu gihugu ca Espagne mu gisagara ca Amoeribieta, aho uwo Niyomukiza Francine yaraye ahiganywe n’abandi bigeme bagenzi we bavuye mu bihugu bitandukanye ku mihingo y’isi  ku kirere kingana n’ibirometero 6,7 .

Akaba yashoboye kugira umwanya ungana n’iminota 22 n’amasegunda 39.

Mwomenya ko muri iryo higanwa harimwo uwundi murundikazi yitwa Nahimana Cavaline aho yashoboye gufata ikibanza ca 4.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320