homepagekirundikirundi_Sports

Niyongabo Amasi mu nzira yo kwirukanwa muri Musanze Fc

Umumenyereza w’umurundi Niyongabo Amasi ari mu mazi abira inyuma yo kurara atsinzwe ibitsindo 3 -2 n’umugwi Heroes mu rukino rw’indwi y’10 y’ihiganwa ryo mu Rwanda.

Ku makuru twakuye muri kimwe mu binyamakuru vyo mu Rwanda ariko ataremezwa n’uburongozi bw’umugwi Musanze Fc aravuga y’uko umwanya n’umwanya uyo mugwi ushobora guhagarika amaserano ufitaniye n’uyo mumenyereza w’umurundi Amars Niyongabo Akbar.

Abakunzi b’uyo mugwi ishavu riraniga muri iyi misi bivanye n’uko umugwi wabo atariko uvyitwaramwo neza.

Mu ntango z’uku kwezi kwa Munyonyo, uburongozi bwa Musanze Fc bwari bwamusavye y’uko mu nkino 3 akwiye kuronka amanota 7 ariko birangira aronse amanota 2 gusa. Inyuma yaho uburongozi ntibwagize ico bushikirije bumwongera ayandi mahirwe.

Inyuma yo gutakaza urukino rwa Heroes uburongozi bwa Musanze Fc biravugwa y’uko hariho ibiganiro biriko birahuza impande zibiri barimwo uburongozi bwa Musanze hamwe n’umumenyereza Amasi Niyongabo bakaba bariko barihweza ingene bohagarika amasezerano bafitaniye.

Mu nkino 10 Musanze imaze gukina ikaba ifise amanota 9 gusa ukaba ari mu kibanza ca 12.

Bikavugwa y’uko uburongozi bwa Musanze Fc bwamaze gutangura ibiganiro na Seninga innocent aherutse guhagarika amasezerano yari afitaniye na Intecelles bivanye n’uko batakurikije ivyo bari bemeranije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871