homepagekirundikirundi_Sports

Nsabiyumva Fréderic yagizwe kizigenza wa Chippa United

Ubwitonzi bwiwe n’ukwubaha abantu bose nivyo vyatumye umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Nsabiyumva Fréderic agirwa kizigenza wa Chippa united.

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 04 Myandagaro umwaka wa 2019, niho umugwi Chippa United ukinamwo umukinyi w”inyuma w’intamba mu rugamba Nsabiyumva Fréderic wakira umugwi Stellenbosch Fc mu rukino rw’indwi ya mbere y’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Afrika y’epfo , imigwi yose ikaba yaranganije 0-0.

Benshi bakaba baratangaye kubona umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba ariwe Nsabiyumva Fréderic yambara igitambara c’ubukizigenza muri uyo mugwi mugihe bari bamenyereye y’uko ico gitambara cama cambara uwitwa Mark Mayambela ariko kiza kwambara Fréderic .

Inyuma y’urwo rukino Indundi Sports yegereye Nsabiyumva Fréderic kugira atange umuco kuri ivyo vyaraye bibonetse vy’ukuba yahawe igitambara c’ubukizigenza.

Uyo mukinyi akaba yavyiyemereye wenyene y’uko yamaze guhabwa igitambara c’ubukizigenza n’abasanzwe barongoye umugwi wa Chippa United.

Akaba yagize ati” Ego ni jewe kizigenza w’umugwi Chippa United nkaba natowe n’uburongozi bw’umugwi wa Chippa United “.

Abajijwe icoba catumye atorwa kuba kizigenza w’umugwi Chippa United Nsabiyumva Fréderic akaba yagize ati” ndibaza ku ruhande runini ni indero yanje, ukwitanga cane igihe mba ndi mu kibuga, kugira urukundo mu bakinyi bagenzi banje no kubona y’uko nshobora gutwara bagenzi banje mu kibuga”.

Mukamenya y’uko Nsabiyumva Fréderic ariwe agira gatatu mu bakizigenza b’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba havuye Saido Berahino hamwe na Gael Bigirimana .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871