homepagekirundikirundi_Sports

Nshimirimana Jospin yasubiye gutorwa nk’umukinyi mwiza yaranze urukino

Inyuma y’aho Uburundi bunyagiriye Bangladesh ibitsindo 3-0 kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Nzero 2020 mu rukino rw’igice 1/2 gishira ica nyuma c’ihiganwa rya Bangabandhu Gold Cup ririko ribera muri Bangladesh, umukinyi Nshimirimana Jospin yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze urwo rukino rwabahuje na Bangladesh mbere akaba ari nawe yashoboye gutsindira Uburundi ivyo bitsindo vyose 3.

Jospin akaba yasubiye gutorwa nk’umukinyi mwiza yaranze urukino no mu rukino rwa mbere rwabahuje na Moritius uyo mukinyi yarashoboye gutorwa nk’umukinyi mwiza yaranze urwo rukino aho yashoboye kwitsindira ibitsindo bitatu wenyene muri bine Uburundi bwari bwatsinze.

Akaba aciye akwiza ibitsindo 7 mu nkino zitatu mbere akaba ari nawe afata ikibanza ca mbere mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa rya Bangabandhu Gold Cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871