footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Nukuri Alex – Jeremie yagizwe kizigenza muri Africa y’epfo

Umukinyi wo hagati yari yahamagawe kwitegurira Cecafa -23 co kimwe n’abandi Nukuri Alex-Jeremie yagizwe kizigenza wa Academy asanzwe akinamwo yitwa Tuks University of Pretoria.

Nukuri Alex- Jeremie kuva aho aviriye mu Burundi aho yari yatumweko mu bakinyi bigeze kwitegurira Cecafa -23 yabaye mu kwezi kwa Mukakaro muri Ethiopie naho ataronse amahirwe yo kwerekeza muri Ethiopie yaciye yizigirwa n’umugwi asanzwe akinamwo bamugira kizigeza w’umugwi w’abatarenza imyaka 19 wa Tuks University of Pretoria ukina mu cicaro ca kabiri muri Africa y’epfo.

Alex akaba ari umwe mu bakinyi beza Uburundi bushobora kugenderako mu myaka iri mbere bivanye n’ubuhinga yerekana mu kibuga akaba akina ku numero 10.

Mwomenya y’uko Nukuri Alex- Jeremie sekuru wiwe avyara se yigeze gutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315